Arijatine yabonye itike y'umukino wa nyuma w'Igikombe cy'Isi cya 2026 nyuma yo gutsinda u Bwongereza ibitego bibiri kuri cyimwe mukino wa cyimwe cya kabiri kirangiza wabaye kuri uyu wa Kabiri, ihita iba ikipe igeze ku mukino wa nyuma ku nshuro ya gatatu iri kumwe na kapiteni wayo Lionel Messi . Anthony Gordon yafunguye amazamu ku Bwongereza ku munota wa 55, ariko Enzo Fernández yishyura ku wa 85 ku mupira yatanzwe na Messi. Ku munota WA kabiri w'inyongera , Lautaro Martínez yatsinze igitego cy'intsinzi na bwo ku mupira watanzwe na Messi, ashimangira intsinzi y'ikipe y'igihugu y'Arijatine. Iy
Arijatine yabonye itike y'umukino wa nyuma w'Igikombe cy'Isi cya 2026 nyuma yo gutsinda u Bwongereza ibitego bibiri kuri cyimwe mukino wa cyimwe cya kabiri kirangiza wabaye kuri uyu wa Kabiri, ihita iba ikipe igeze ku mukino wa nyuma ku nshuro ya gatatu iri kumwe na kapiteni wayo Lionel Messi. Anthony Gordon yafunguye amazamu ku Bwongereza ku munota wa 55, ariko Enzo Fernández yishyura ku wa 85 ku mupira yatanzwe na Messi. Ku munota WA kabiri w'inyongera , Lautaro Martínez yatsinze igitego cy'intsinzi na bwo ku mupira watanzwe na Messi, ashimangira intsinzi y'ikipe y'igihugu y'Arijatine. Iyi ntsinzi itumye Arijatine ikomeza urugendo rwo kwisubiza igikombe yegukanye mu 2022, mu gihe Messi akomeje kwandika amateka yo kuyobora igihugu cye ku mukino wa nyuma w'Igikombe cy'Isi ku nshuro ya gatatu yikurikiranya. Ku mukino wa nyuma, Arijatine izacakirana na Esipanye ishaka kongera kwegukana igikombe cy'Isi.

Messi yafashije Arijatine kugera ku mukino wa nyuma





Comments
No comments yet. Be the first to share a thought.